NEWS

Ibihugu 23 Nivyo Bimaze kumenya Ko Bizohiganirwa Igikombe c’Isi Yose c’Umupira w’Amaguru

on

Igicombe c’isi kizosubira guhiganirwa mu gihugu c’Uburusiya ku magenekerezo ya 14 Ruheshi gushika itariki 15 za Mukakaro 2018. Kikazoba ari igikombe kigira 21 gihiganywe kw’isi.

Uburusiya bukaba buzokwitaba izo nkino kuko aribwo bwatunganije iryo higanwa. Igihugu rurangiranwa mu mupira w’amaguru Brésil caramaze kuronka amanota yo kwitaba iryo higanwa kandi ntanarimwe ici gihugu kirasiba iryo higanwa rikomeye kw’isi.

Ibindi bihugu nka Iran, Japon, Mexique, Ububirigi, Corée du Sud, Arabie saoudite, Ubudagi iheruka gutahukana igikombe giheruka mu 2014, Ubwongereza, l’Espagne, Nigeria, Costa Rica, Pologne, Égypte, Islande, Serbie, France, Portugal, Uruguay, Argentine, Colombie na Panama biramaze kuronka amanota akwiye yo gihiganwa ico gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru. Mu bihugu vyari bikomeye vyavuye muriryo higanwa twovuga nka Pays-Bas, Cameroun, États-Unis,Chili, Algérie, Turquie na Pays de Galles.

Inkino zishika 64 nizo zizokinwa muntumbero yo gutora uwuzotahira ico gikombe gikomeye kw’isi yose. Imigwi 32 y’ibihugu ivuye mu mihingo yose y’isi niyo izohiganirwa ico gikombe. Asiya ikazotanga imirwi itanu izoyiserukira, Afrika imirwi 5 nyene, Amerika yo mu buraruko no muburengero imirwi icenda, Océanie umurwi umwe, Uburayi imirwi 13 harimwo n’Uburusiya bwatunganije iryo higanwa.

Recommended for you