NEWS

Ibihejeje kubera kuri Lycée du Lac Tanganyika i Bujumbura ntivyari bwavugwe na rimwe muri kahise k’amashure

By

on

Mu gihe kuri uwu wa gatanu ariho hasozerwa ikorwa ry’ikibazo gitanga uburenganzira bw’ugutangura inyigisho za Kaminuza, habaye akataraboneka mu gisata c’indero mu Burundi. Inkuru itangaje kuri uwu wa gatanu, aho umuyobozi w’ishure ry’imyuga ryo muri karitiye ya Buterere, mu gisagara ca Bujumbura yafashwe ariko akora ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu mashure ya Kaminuza.

MANIRAMBONA Benjamin, umuyobozi w’ishure ry’imyuga rya Buterere yari yihinduye umunyeshure, yambara impuzu zisa n’iz’abanyeshure, nawe akora ico kibazo ca Reta mu bandi banyeshure biwe bariko bakorera kw’ishure ryitiriwe ikiyaga Tanganyika (Lycée du Lac Tanganyika).

Umushikiranganji ajejwe inyigisho, Janviere NDIRAHISHA yaciye yishikira muri ico kibanza, uwo muyobozi akaba yatawe muri yompi. Bitegekanijwe ko ashikirizwa ubutungane mu kanya kari imbere.

Recommended for you