NEWS

Ibihano vy’Ubumwe bwa Buraya Ku Burundi Birabandanya Gushika Ku wa 31 Gitugutu 2018.

on

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Burya ryasohoye itangazo kuri uyu musi wa mbere itariki 23 gitugutu 2017 ko Inama Nkuru y’Ishirahamwe rya Buraya yahisemwo kubandanya igumijeho ibihano iryo Shirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryafatiye Uburundi gushika ku wa 31 gitugutu 2018.

Nkuko iryo tangazo ryashizwe ahabona rivyerekana, izongingo Ubumwe bwa Buraya zafatiye Uburundi harimwo ukubuzwa guhonyoza ikirenge ku butaka bw’Ubumwe bwa Buraya hamwe no gufata ubutunzi bw’abantu bane abo ibikorwa vyabo vyabonetse ko vyahungabanije agateka ka zina muntu canke ibikorwa vyabo vyabaye intambamyi ku gutorerwa umuti ikibazo c’Uburundi. Ivyo bikorwa bagirizwa harimwo ivyo guhohotera, gucinyiza canke gutuma abandi bahohoterwa.

Nkuko Ubumwe bwa Buraya bwabimyesheje, ayo mazina ane y’abo bantu ni Godefroid BIZIMANA, Gervais NDIRAKOBUCA, batazira NDAKUGARIKA, Mathias/Joseph NIYONZIMA batazira KAZUNGU, na Leonard NGENDAKUMANA.

Ubumwe bwa Buraya burabandanya burajwe ishinga cane n’inkuru zibandanya zija ahabona z’ubwicanyi ndengerabutungane, ihagarikwa hamwe no kunyuruzwa abantu bakaburirwa irengero, aho harimwo ugufatwa ku nguvu kuva muri Ndamukiza 2015. Ubumwe bwa Buraya ntibuhagarika guhamagarira impande zose zegwa n’ikibazo c’Uburundi kwigumya maze birinde ibikorwa vyo guhohotera agateka ka zina muntu.

Inama nkuru y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ikamenyesha ko ko kubera habuze ibiryohorwa mu bijanye n’uko ivyo mu Burundi vyifashe vyatumye ibihano vyafatiwe Uburundi vyiyongera mu kiringo c’umwaka umwe.

Recommended for you