NEWS

Ibiganiro Ku Bijanye N’itegekeo Risaba Abubatse Kwandikishije Imibano Yabo.

on

Kubera ko bamwe bitakunze ko bashira mu ngiro itegeko ryasaba abo bose batunze umugore arenga umwe kuba bandikishije umubano n’umugore umwe gushika ku wa 31 Kigarama 2017, Leta y’uburundi iriko ipanga kuyaga n’umuryango w’aba Islamu ku bijanye n’uko iryo tegeko riteye impari ryoja mu ngiro, na rirya Aba Islamu bavuga ko idini ryabo ribarekurira kwubakana n’abagore benshi.

Inyuma y’aho ikiringo ca 31 Kigarama 2017 kirenganiye, n’imiburiburi ibice 90 kw’ijana vy’Abarundi barashize mu ngiro ako kamo batewe, nk’uko Leta ibimenyesha. Naho biri ukwo, aba Islamu bobo bavuga ko iryo tegeko riza rihungabanya igitabu cabo ceranda Korowani, hamwe n’itegeko ry’aba Islamu ariryo Sharia ryemerera aba Islamu kurongora abagore benshi.

Umu Islamu umwe, Sheikh Zuberi Mutembo, yabwiye ikinyamkuru The East African ati: “Abafise abagore benshi basabwa gucaguramwo umwe hama bakandikanwa nuyo. Iyi ntabwo ari demokrasi. Ni nk’uko twoba tutakiri abanyagihugu”.Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yari yagabishije ko abo bose batoshira mu ngiro iyo ngingo yo kwandikisha imibano yabo bokwatswe amande ari hagati y’ibihumbi 150 na 500, mbere no gufungwa bagafungwa.

Naho biri uko, umutegetsi wo muri Leta y’Uburundi ajejwe ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi, Martin Nivyabandi, yamenyesheje ko ibiganiro hagati ya Leta y’Uburundi n’umuryango w’aba Islamu bitegekanijwe mu kwezi kuza bizoshimika cane ku kuntu iryo tegeko ryoja mu ngiro. “ Turiko turategura ihurira hamwe kugira tuyage kuri ico kibazo, ariko uwariwe wese ategerezwa kwubahiriza itegeko”, niko Martin Nivyabandi yamenyesheje.

Recommended for you