NEWS

Ibiganiro I Arusha Birabandanya Mu gihe Urunani CNARED Rwo Rushinga Inzego Nshasha.

on

Mu gihe ibiganiro biriko bihuza Abarundi biriko biba i Arusha, Urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta y’Uburundi, rugizwe n’abenshi baba mu buhungiro, rwaraye rushize ahabona abagize inzego zishasha. Urwo runani rukaba rutari mu biganiro bihuza Abarundi biriko birabera I Arusha.

Abayobozi bashasha ba CNARED ni:
Umukuru wa CNARED: Muganga Jean Minani( asubiriye gutorwa ubugira kabiri).
Icegera ca mbere : Aline Ndenzako.
Icegera ca kabiri : Pamphile Muderega.
Umunyamabanga Nshingwabikorwa : Anicet Niyonkuru.
Umuvugizi : Pancrace Cimpaye.

Mukibuka ko uwahora atwara urwo runani ari Charles Nditije mu kiringo c’amezi icenda. Bitandukanye n’uko benshi bibaza ko kubera habonetsi inzego zishasha ko Urunani CNARED ruza guca ruja i Arusha mu biganiro, umuvugizi warwo, Pancrace Cimpaye, yamenyesheje ko ‘CNARED ata biyago iriko ikorana na Arusha ku bwo kuja mu biganiro’.

Ku bijanye kandi n’ibiganiro biriko birabera i arusha, Pancrace Cimpaye yamenyesheje iknyamakuru jeune Afrique ko’ ata biganiro biriko biraba i arusha, ko ari ukwiganiriza( monologue), kandi ko ibiro vy’umuhuza biriko bikorera mu kwaha kwa leta y’i Bujumbura.

Mukamenya kandi ko n’i Arusha bitoroshe aho hamaze kuba impande zibiri zitumvikana ku vyoganirwako: abashigikiye leta na leta nyene ntibashaka kwumva ijambo “ibiganiro’ hamwe “n’intwaro ihurikiyemwo bose, baba abatsinze amatora n’abayatsinzwe”; urundi ruhande rutavuga rumwe na leta rukabandanya rushimika nyabuna ko iyo ntwaro ariyo ikwiye kujaho. N’ivyo kurindira gushika itariki umunani za Kigarama 2017 aho hazotangazwa ijambo rya nyuma ryavuye muri ivyo biganiro…

Recommended for you