NEWS

Ibiganiro I Arusha : Benjamin Mkapa Yoba Yananiwe Guhuza Abarundi?

on

Mu biganiro bihuza Abarundi biriko bibera I Arusha vyitezwe ko birangira ejo ku musi wa gatanu itariki 8 Kigarama 2017, aho Benjamin Mkapa azoshikiriza icashitsweko muri ivyo biganiro, naho impande zibiri zikibandanya zinyinyurana ku vyokwumvikanwako. Abihweza ibintu n’ibindi baramaze kubona ko Benjamin Mkapa n’abafasha biwe batashoboye guhuza impande zibiri zisa nizishamiranye muri ivyo biganiro bihuza Abarundi.

Igihe yatanguza ivyo biganiro I Arusha, Benjamin Mkapa akaba yaciye aja I Dar Es Salaam, maze asigira uburongozi muri ivyo biganiro abafasha biwe. Amaze kugaruka mu mpera y’indwi iheze, vyaragaraye ko ibiganiro vyagonze umusozi ata kiriko kivamwo, maze bigaragara ko yananiwe no guhuza Abarundi.

Umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa,yaciye akoranya izo mpande zitumvikana ku musi wa kabiri itariki 5 kigarama 2017 kugira ababwire ukuntu “bamuhemukiye cane”. Inyuma y’imisi irenga cumi, impande zibiri( urwegamiye Leta y’Uburundi n’urutavuga rumwe na Leta y’Uburundi) bahavuye bahurira hamwe maze baraganira yamara uwo mubonano ukaba wamaze akanya urume rumara.

Uruhande rwa leta y’Uburundi n’abo bicudutse bobo ntibashaka kwumva ko boganira ku bibazo binaka, bobo bagashimika nyabuna ko ivyo biganiro vyotahukanwa mu Burundi kandi ko Leta y’Uburundi yobandanya ihinyanyura ibwirizwa Shingiro. Ivyo vyaciye bituma umufasha mu biganiro bihuza Abarundi ashika kuri iki kintu: Nta canditswe gihurijweko na bose gishoboka kuboneka.

Ubu umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa, akaba ariko arabonana na bamwe bamwe ukwabo imbere y’uko asohora ivya nyuma vyavuyemwo ejo ku musi wa gatanu. N’ibiki vyitezwe gutangazwa ejo?

Biboneka ko uruhande rutavuga rumwe na leta rworwo rwari rwizeye ko nyabuna hagiye kubaho ibiganiro nyavyo hama hakagira igifundikwa, ariko bisanze bari mu ‘kiyago gisanzwe’, maze babona ko bahemukiwe n’umugwi w’umufasha w’umuhuza, uwo abatavuga rumwe na leta babona ko ‘ugoyagoya’, maze bakabona ko Benjamin Mkapa yananiwe…

Recommended for you