NEWS

Ibiganiro Bihuza Abarundi I Arusha : Abatumiwe N’Abatatumiwe.

on

Kuri uyu musi wa 27 Munyonyo 2017 niho hugurarwa igice ca kane c’ibiganiro bihuza Abarundi bizomara indwi zibiri mu ntumbero yo kugerageza gutorera umuti ikibaz c’Uburundi vyatunganijwe n’ibiro vy’umuhuza mu biganiro ihuuza Abarundi.

Gushika ubu, abatumiwe muri ivyo biganiro nubu baracatera amakenga aba na bariya. Mu gihe abahuza mu biganiro vy’Uburundi bashoboye kwumvisha leta y’Uburundi ikemera kwicara ku ntebe imwe y’ibiganiro naho hari haheze amezi ivyo biganiro ata kivamwo. Ni bande batumiwe n’abatatumiwe ?

Leta y’i Bujumbura ubuho ntivyayikundiye ko isiba ivyo biganiro kuko vyari guca biboneka ko isuzuguye abakuru b’ibihugu b’akarere, nk’uko umwihwezo wa RFI uvyerekana.Leta y’Uburundi ikaba yarungitse umufasha mu Bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Terance Ntahiraja, azwi cane mu mvugo ziwe zo kwihagararako. Kuba harungitswe Terance Ntahiraje, n’ikimenyemenya c’uko Leta y’i Bujumbura ititeguriye kurekura.

Uwuhambaye kuruta yarungitswe ni umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD,ariwe Evaritse Ndayishimiye, akaba azoba afise abamushimugikiye batari bake bava mu migambwe n’amashirahamwe yunze Ubumwe na Leta y’i Bujumbura.

Ku rundi ruhande, urunani rutavuga rumwe na Leta ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na Leta baba mu buhungiro, CNARED, rwahisemwo kutitaba ivyo biganiro, aho mbere urwo runani rutatumiwe muri ivyo bigabiro. Ariko abari muri urwo runani bashobora kurungika uwubaserukira kugira asigure aho urwo runani ruhagaze.

Ku rundi rw’abatavuga rumwe na leta bari Mu burundi( abo benshi bita Opposition Interne), harungitswe uwahoze ari umurwanyi akomeye, Agathon Rwasa, uwitezwe cane ko azorwana cane kugira ibiganiro bibandanrize i Tanzaniya aho kubizana mu Burundi.

Hama hakabaho n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yarwanije ikindi kiringo ca Pierre Nkurunziza, akaba atari muri ivyo biganiro vy’I Arusha. Benshi mu baserukira ayo mashirahamwe bakaba batatumiwe maze baca bahitamwo kuva muri ivyo biganiro.

Recommended for you