NEWS

Ibidandazwa vya magendu vyafashwe n’igiporisi mu Karitiye ya Kibenga mu gisagara ca Bujumbura.

By

on

Ibidandazwa vya magendu bigizwe n’ibitenge 182 hamwe n’inzoga zinjabuka zafashwe n’igiporisi muri karitiye ya Kibenga Zone Kinindo mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’iigiporisi c’Uburundi,Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko ivyo bitenge hamwe n’izo nzoga vyafashwe igihe c’isaha zitandatu z’ijoro n’inusu buca ari ku musi wa mbere igenekerezo rya 8 nzero 2018 hafi y’ubunywero bita Sgavodo mu Kinindo .

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi yashikirije ko ivyo bitenge vyari mu magunira 4 inzoga nazo zari zitekeye mu makarato 2 .

Uyo avugira igiporisi ashikiriza ko ivyo bidandazwa vya magendu vyari mu mudoka ariko hakaba hari n’iyindi modoka nayo nyene yarimwo ibidandaza vya magendu ariko yaciye mu myanya y’intoke abajejwe umutekano.

Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko amatohoza akibandanya kugira iyo yindi modoka imnyekane iyo yagiye.

Tubibutseko mu mwaka uheze wa 2017 ibidandzwa vya magendu bitari bike vyafashwe na cane cane ibitenge hamwe n’intsinga bica mu kiyaga Tanganyika.

Recommended for you