NEWS

Ibiciro Vy’Ibintu Vya Nkenerwa Mu Burundi Biguma Biduga Uko Umwaka Utashe.

on

Ukuduga kw’ibiciro mu gihugu c’Uburundi kuriko kurabica bigacika aho habaye ukuduga ibiciro kugeza ku bice 17. 6 kw’ijana mu kwezi turangije kwa Gitugutu 2017, mu kwezi kwa Nyakanga 2017 ibiciro vyari vyaduze gushika ku bice 15.2 kw’ijana ku bijanye n’ibifungurwa vya nkenerwa ku masoko, nk’uko ibiharuro vya Leta bivyerekana.

Ariko rero, Ikigo ISTEBU coco gitanga ibiharuro bitandukanye ; cerekana ko ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa mu buzima vyaduze buravyo mu kwezi kwa Gitugutu 2017 gushika ku bice 28 kw’ijana, mu gihe muri Nyakanga 2017 vyari vyaduze gushika ku bice 23.9 kw’ijana.

Nk’uko umwihwezo wakozwe n’ikinyamakuru Reuters uvyerekana, ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bwarahuye n’ingorane muri iyi myaka ibiri turangije, mu gihe Uburundi busanzwe buzeye ubutunzi ku gushora hanze y’igihugu ikawa hamwe n’icayi.

Inyuma y’aho abahora bafasha Uburundi gushika ku bice 50 kw’ijana bahagarikiye gufasha, nk’Ishirahamwe ry’Ubuwe Bwa Buraya, Uburundi buriko buraca mu bihe bigoye mu bijanye n’Ubutunzi kubera abahora bafasha bagiriza igihugu c’Uburundi guhonyanga agateka ka zina muntu, ivyo Leta y’Uburundi ihakana.

Ikigega c’isi yose FMI kimenyasha ko ata kwiyongera kw’ubutunzi ku gihugu c’Uburundi kwitezwe vuba naho hari ishorwa hanze ry’ikawa kubera ko ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bwasubiye inyuma cane kuva mu mwaka wa 2016.

Recommended for you