NEWS

Ibiciro vyabiyunguruza vyadugijwe inyuma yiduzwa ryibiciro vy’igitiro

on

Inyuma yaho ibiciro vy’igitiro bidugijwe, ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro hamwe n’ingenzi, buri kumwe n’ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu, ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta, hamwe n’Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, bwamenyesheje ko ibiciro vyo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu vyadugijwe.

Bitegekanijwe ko ibiciro vy’abiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bivuye ku mafaranga 350 y’amafaranga y’amarundi bija kuri 380, mu gihe abiyunguruza baja ku mpera z’igisagara ca Bujumbura mu bice vya Carama,Maramvya,Kiriri,Kamesa,Buterere hamwe na Mirango Rond Point vyaduze gushika ku bice 7 kw’ijana.

Ku bantu baja hagati mu gihugu ibiciro vyaduze gushika ku bice 7 kw’ijana.

Abantu benshi bavuga ko ubuzima bugiye kubagora kuko igitiro kiduze ibiciro vyo kwiyunguruza bikaduga ntawe vyerera,benshi bavuga ko ubu ubuzima bugiye kuzimba gusumba uko bwahora.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.