Uno musi wakabiri ( Dec 10, 2013 ) wari Umusi udasanzwe kuko niho abategetsi batandukanye bahuriye muri Africa Yepfo bagiye gusezera nyakubahwa ”Nelson Mandela ” aherutse kuryamira ukuboko kwabagabo.
Mu bategetsi bakomeye bari muri Afrika y’epfo uyu munsi, hari Barack Obama hamwe n’umufasha wiwe, umukuru w’igihugu ca Cuba, Raul Castro, George W. Bush, Bill Clinton , Jimmy Carter ,David Cameron, Nick Clegg , Ed Miliband, Robert Mugabe,Uhuru Kenyata, Nkurunziza Peter,Jakaya Kikwete, ariko nubwo biruko ikintu c’atangaje abantu benshi n’ukubona aribwo bwa mbere nyakubahwa president wahano muri Leta zunze ubumwe za America ” Barack Obama aramukanya na President wa Cuba ” Raul Castro.
Barack Obama niwe wari umushitsi mukuru aho yavuze ko ibikorwa vya Nelson Mandela ko ari vyo vyatumye abatuye muri Africa y’epfo babona ubwigenge, nivyo vyatumye babona amahoro, bakagira icizere co kwiyunvamwo ko bameze nkabandi bantu, ndetse kandi bakumva ko abazungu yuko ataco barusha abirabure nk’uko vyahoze kera muri Africa Yepfo.
Igitangaza : imvura nyinshi yakataraboneka yaguye uno musi muri Africa Yepfo, bamwe mubari bitabiriye ico gikorwa co gusezera Nelson mandela bavuze ko ari ikimenyetso c’Imana cerekana neza ko yamaze kwakirwa mu bwami bwo mwijuru.
Ubandanye ukurikirana kino kinyamakuru gikundwa nabenshi ”UBMNews ” kuko turaza turabamenyesha muko biriko biragenda muri Africa Yepfo.
Abantu ni benshi gose kandi hano hantu hacungerewe gose bimwe bikomeye.
Barack Obama hano yariko araramukanya na Graca Machel, umwe mu bagore bubakanye na Nelson Mandela
Obamba na Raul Catro baramukanya kandi bano bategesti bose ntibavuga rumwe ariko bahuriye bose muri Soweto baje gusezera nyakubahwa Nelson Mandela
Invura yarinyishi gose nkuko mu bibona hano .
UBMNews reka tubibutse ko Nyakubahwa umukuru wigihugu cacu c’uburundi ” Petero Nkurunziza ” ko nawe nyene arimwo mubifatanije nabandi bakuru bibihugu bari muri Africa Yepfo mukuja gusezera Nelson Mandela .