Umuririmvyi rurangiranwa amaze kubaka izina mu barundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ”’ Mt Number One ” kubwiwe ngwarashima kuntambwe agezeho ndetse arashima kubona hari bamwe bitanga kumenyekanisha ibikorwa vyiwe , ivyo navyo rero bikaba bimuha inguvu zo kubandanya ibikorwa akora vy’uburirimvyi.
Nkuko uno muririmvyi ubwiwe yavyivugiye, we yavuze ko abenshi baronka ubufasha muvyo bakora ariko ngo iyo bamaze gutera imbere ntibibuka gushima, bityo we kano kanya ngwakaba agafashe kugirango ashimire abo bose bamaze kugira uruhara mu kumufasha.
Mt Number One yagize ati : Abantu benshi turaronka abadufasha muvyo dukora kugira dutere imbere, ariko bamwe na bamwe bikatunanira gushima, Jewe uyu Mwanya ndawufashe kugira ngo mbashimire kuko munfasha vyinshi.