Kuva ku kagoroba ko kuruwu wa kane, ibararabara ry-igihugu rigira gatatu rihuza intara ya Rumonge hamwe n-umurwa mukuru w-ubutunzi Bujumbura ntirirengana bitumwe n-isenyuka ry-ikiraro cari kiri hagati y-amakomine ya Kabezi na Muhuta.
Hari isaha icumi zo kukagoroba aho imvura nyishi yarwa igasenyura ikiraro co k-uruzi Kirasa. Kubw-iryo cika ry-ico kiraro ryatumye haba uruza n-uruza rw-abantu na cane cane abiyunguruza ku miduga ipakira abantu, abagendesha amapikipiki n-amakinga ruhagarara kushika ico kiraro casenyutse kisubiye gukora.
Tubamenyeshe ko iryo barabara rikuru ry-igihugu RN3 ryari rimaze igihe kitari gito ryarononekaye k-uburyo hafi y-ibirometero bitari bike vy-iryo barabara ryuzuyemwo ibinogo vyinshi k-uburyo vyogorana kwemera ko iryo barabara ryoba ryarigeze kusirwamwo ikaburimbo.
Mu ndwi iheze, Leta yari yamenyesheje ko ibikorwa vyo gukora iryo barabara bigeye gutangura bikazokorwa n-ishirahamwe ry-abafaransa SOGEA-SATOME rizwi cane nkirifise ubuhinga n-uburambe muvyo kwubaka amabarabara .Ariko hakaba hasigaye ko Uwuzotanga uburyo ariyo Banki y-afrika y-iterambere BAD yemeza itangurwa ry-ivyo bikorwa vyo gukora iryo barabara RN3.