Sunday, March 26, 2023
HomeNewsIbarabara rikuru ry-igihugu RN3 Bujumbura-Rumonge ryaracitse.

Ibarabara rikuru ry-igihugu RN3 Bujumbura-Rumonge ryaracitse.

Kuva ku kagoroba ko kuruwu wa kane, ibararabara ry-igihugu rigira gatatu rihuza intara ya Rumonge hamwe n-umurwa mukuru w-ubutunzi Bujumbura ntirirengana bitumwe n-isenyuka ry-ikiraro cari kiri hagati y-amakomine ya Kabezi na Muhuta.May be an image of outdoors and treeMay be an image of outdoors and tree

Hari isaha icumi zo kukagoroba aho imvura nyishi yarwa igasenyura ikiraro co k-uruzi Kirasa. Kubw-iryo cika ry-ico kiraro ryatumye haba uruza n-uruza rw-abantu na cane cane abiyunguruza ku miduga ipakira abantu, abagendesha amapikipiki n-amakinga ruhagarara kushika ico kiraro casenyutse kisubiye gukora.

Tubamenyeshe ko iryo barabara rikuru ry-igihugu RN3 ryari rimaze igihe kitari gito ryarononekaye k-uburyo hafi y-ibirometero bitari bike vy-iryo barabara ryuzuyemwo ibinogo vyinshi k-uburyo vyogorana kwemera ko iryo barabara ryoba ryarigeze kusirwamwo ikaburimbo.

Mu ndwi iheze, Leta yari yamenyesheje ko ibikorwa vyo gukora iryo barabara bigeye gutangura bikazokorwa n-ishirahamwe ry-abafaransa SOGEA-SATOME rizwi cane nkirifise ubuhinga n-uburambe muvyo kwubaka amabarabara .Ariko hakaba hasigaye ko Uwuzotanga uburyo ariyo Banki y-afrika y-iterambere BAD yemeza itangurwa ry-ivyo bikorwa vyo gukora iryo barabara RN3.

Must Read