NEWS

Ibara ryaguye muri Paruwasi Kanyinya intara ya Kirundo

on

Ni agahinda n’umubabaro ntangere muri Paruwase Kanyinya, aho inkozi z’ikibi zitaramenyekana zinjiye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri mw’Isengero ziba urukombamazi ivyari biri muri iyo Paruwasi. Mu vyibwe harimwo Itaberenakuro, ibitambara vyo mw’isengero, amasanamu (nk’ayatwibutsa ivyibukiro vy’inzira y’umusalaba), n’ibindi vyinshi bitarashobora gutororokanywa.

Ababibonye ubwa mbere ni abari bazindutse baje mu misa yo mu gatondo, aho basanze ibintu vyose bisambaguwe, itabernakuro nayo bakaba bayisanze hepfo y’isengero, nko ku metero zishika mirongo ibiri, aho izo nkozi z’ikibi zasize ziyitaye, zikaba zasanzaje na hostiya ahantu habi cane.

Mu ngingo zihuta zabaye zirafatwa, harimwo ukwugara iyo sengero yahumanijwe, Patiri mukuru nawe akaba yaciye ararika abakristu kuza mu gisabisho c’iminsi icenda (neuvaine).

Patiri mukuru wa Paruwasi Kinyinya ahamagarira Abakristu babishoboye boza kwifatanya n’abakristu bo muri Paruwase Kanyinya muri ico gisabisho. Ni igisabisho co gusaba ikigongwe mw’izina ry’abakristu basanzwe basengera Umukama muri iyo Ngoro yiwe, kuko yahumanijwe, ico gisabisho kikaba catanguye kuri uwu wa gatatu, igihe c’isaha icenda z’umugoroba. Abasigaye nabo bo ku yandi maparuwasi boterera igisabisho cabo aho bari hose.

Tubamenyeshe ko Paruwase Kanyinya iri ku mugwa mukuru w’intara ya Kirundo, muri diyoseze ya Muyinga, ikaba yari yaratangujwe n’abamisiyonari ba mbere mu Burundi, hari mu mwaka w’1904.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply