NEWS

Ibara ryaguye mu gihugu c’Ubufaransa

on

Igihugu c’Ubufaransa camenyesheje ko cinjiye mu bihe bidasanzwe, hafatwa n’ingingo zikomeye z’ugukomeza umutekano w’ico gihugu. Imbibe z’ico gihugu kuva mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu zirugaye, inyuma y’ibitero vy’abihevyi vyahitanye abantu barenga ijana na mirongo ibiri mu gisagara ca Paris, hakomereka abarenga 180.

Ivyo bitero vy’abihevyi bitwaje ibirwanisho kandi baturikirizako ibisasu vyabaye mu mwanya umwe, mu mihingo itandukanye, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu.

hore

Inzego zijejwe umutekano mu gihugu c’Ubufaransa zamaze kumenyesha ko abihevyi umunani aribo bamaze kwicwa, inyuma y’ivyo bitero vyabereye ku nzu w’ukwidagadura (Salle de concert) izwi kw’izina rya Bataclan Concert Hall, ahariko habera igiteramo c’umurwi Eagles of Death Metal. Abo bihevyi barateye kandi n’ibindi bibanza vyo mu gisagara ca Paris, nk’ubunywero, uburiro, abantu batari bake baricwa barashwe. Abo bihevyi baraturikije kandi igisasu ku kibuga c’umupira w’amaguru i Paris, ahariko habera urukino rwa kivandimwe ruhuza umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa n’umurwi w’Ubudagi. N’umukuru w’igihugu François Hollande yari mubari bagiye kurorera urwo rukino, ariko akaba yarashoboye guhungishwa.

fra

Mu giporisi c’Ubufaransa bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza, ariko umwe mu banyagihugu barokotse muri ico gitero akaba yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko yumvise abateye bavuga ko bashigikiye umurwi wa Islamic State, bakarasa bavuga bati : Allah Akbar, Allah Akbar, mbere bakigamba ko ari amakosa y’umukuru w’igihugu François Hollande yarungitse abasirikare b’Ubufaransa muri Syriya.

Tubibutse ko ico gitero c’abihevyi kibaye inyuma y’umunsi umwe gusa igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kimenyesheje ko cakoze igitero c’indege ziguruka zitarimwo umudereva, ico gitero kikaba carondera Jihadi John intagondwa yo mu murwi wa kiyisiramu IS (Islamic State), bikavugwa ko yoba yaguye muri ico gitero c’indege za Reta zunze ubumwe za Amerika. Uwo Jihadi John yakozweko ico gitero asanzwe ahora aboneka mu masanamu yerekana abantu baturuka mu bihugu vya buraya na Amerika baba bagizwe imbohe, mu nyuma akerekana amasanamu ariko abakerera amazosi.

mat

niyon