NEWS

Ibara aho ingoro y’umugambwe CNL ‘yasizwe amazirantoki’ n’abantu batazwi.

on

Mu ntara ya Rumonge harabandanya kwibonekeza urwanko rushingiye ku kwinuba abo mu yindi migambwe na cane cane CNL.

Ubu naho habaye ico twokwita ibara aho hari ingoro y’umugamwe CNL wa Agathon Rwasa yasizwe amazirantoki(amavyi) n’inkozi z’ikibi zitamenyekanye mu ntara ya Rumonge.

Uwuvugira uwo mugambwe CNL, Terance Manirambona, yabwiye BBC ko isamburwa, ituriwra hamwe n’itotezwa ry’abanywanyi ba CNL ari ukugira ngo ‘batere ubwoba canke bace ivutu abanywanyi ba CNL’ babandanya barwira imbere y’amatora ya 2020.

“Gusiga canke kumijagira amazirantoki ku ngoro y’umugambwe wacu ni ibara ritovugwa….kuri ibi tubona ko ari imigambi ikorwa n’abo mu ntwaro zo hasi badashaka ko haba inyubakwa za CNL mu burere bwabo”, niko Terance Manirambona yavuze.

Mwomenya ko Buramatari wa Bururi yatanze imisi 10 kugira ngo abapolisi babe bashize ahabona abagizi ba nabi bagirizwa gusambura no guturira ingoro z’umugambwe CNL.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burundi ntiburagira ico buvuga kuri ubwo bukozi bw’ikibi buriko bwimonogoza hafi mu gihugu cose.

 

Recommended for you