Thursday, June 8, 2023
HomeNewsIbanki y-isi yose isaba Leta y- Uburundi kwakira incanco za Covid-19 ikongera...

Ibanki y-isi yose isaba Leta y- Uburundi kwakira incanco za Covid-19 ikongera igacandagisha abanyagihugu bayo .

Mw-ikete yandikiye umushikiranganji w-ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo kuri uyu wa mbere, uwuserukira ibanki y-isi yose aremera ko iyo banki igiye kwigiza inyuma itarike yo kurangirizako umugambi wo kurwanya ikiza ca Covid-19 mu Burundi ,igafasha uburyo kugira uwo mugambi ubandanye  nk-uko vyasabwe mw-ikete ry-ubushikiranganji bw-ikgega ca Leta bwari bwandikiye ibanki y-isi yose.Wordbank: Burundi signs a $54.6 million agreement to strengthen its health  system - RegionWeek

Veronique Kabongo aserukira iyo banke y-isi yose mu Burundi amenyesha ko biteguriye gushigikira Leta y-uburundi mu buryo ikiza ca Covid-19 ariko ngo Leta nayo harivyo itegerezwa gukwirikiza vuba bwango ivyo navyo ni ukwakira imfashanyo y-incanco z-ico kiza ikazishikana mu gihugu cose , igahimiriza n-abanyagihugu bose kugira bicandagishe.

Nkuko bibandanya bishikirizwa na Veronique Kabongo aserukira ibanki y-isi mu Burundi, n-uko abahinga b-ibanki y-isi yose ngo biteguriye gukorana n-amashirahamwe nka UNICEF, OMS hamwe n-ubumwe bwa Afrika kugira ngo incanco zikwiye zishike zongere ziterwe abanyagihugu.

Twobamenyesha ko Leta y-uburundi ibicishije ku bashikiranganji  babiri , uw-amagara y-abantu Dr Thadée Ndikumana hamwe n-uw-intwaro ibereye Gervais Ndirakobuca yaheruka kumenyesha ko ata mugambi ifise wo guhimiriza abanyagihugu ngo bicandagishe ikiza ca Covid-19 ko iyo mfashanyo y-incanco izotangwa n-ibanki y-isi yose izojanwa mu bubiko butandukanye bw-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu  hama umurundi wese yipfuza urucanco azogende arusabe mu bubiko baheze barumutere ariko ko ingaruka mbi zoterwa n-urwo rucanco ntizizohezwa ngo zibazwe Leta y-uburundi.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...