Amafaranga angana n-imiriyoni 150 z-amadorare y-abanyamerika niyo yaraye yemejwe n-ibanki y-isi mu ntumbero yo gutsimbaza igisata c-imibano mu Burundi biciye mu mugambi uzoba witwa Cash for Job. Muvyo uwo mugambi uzoba ugamije harimwo ko uzokworohereza abanyagihugu bantahonikora kuronka akazi hamwe no kugabanya ubukene mu gihugu.
Uwo mugambi ukazokorera mu ntara zose z-uburundi. Ukazoba uje kwunganira uwundi mugambi warusanzwe uhari witwa Merankabandi usanzwe uriko ukorerwa mu ntara zine zigize igihugu c-uburundi.
Ayo mafaranga akaba yatanzwe n-ishirahamwe IDA risanzwe ritanga ingabire canke ingurane ku bihugu bikenye kw-isi ariko bikazoza birayariha hongeweko inyungu ntoya.