NEWS

Ibanki BRB ibandanya ifata ingingo za ruhasha kugira ikingire ifaranga ry’Uburundi

By

on

Ibanki nkuru y’igihugu, BRB, yasubiye gusohora itangazo aho isaba ko atarindi faranga ryokoreshwa k’ubutaka bw’Uburundi atari amahera y’amarundi. Iryo tangazo ryasomwe kur’uyu wambere na Prosper Ngendanganya, ajejwe kugenzura amabanki, na guhagarara neza ry’ifaranga ry’Uburundi, avuga ko ivyo kuriha vyose, kugura no kugurisha biba mu mafaranga y’amarundi mu gihe bibereye k’ubutaka bw’Uburundi.

????????????????????????????????????

Prosper Ngendanganya akavuga ko uwinjinje ibidandaza canke amahera yo hanze ategerezwa kuvyerekana ku ma biro ya douane eka n’uwusohoye ibidandazwa canke amahera ko abanza kwerekana ingene yavunjijwe.

Izingingo zose rero zikerekana ko ibanki nkuru y’igihugu ishaka gukingira agaciro k’ifaranga ry’Uburundi ribandanya rita agaciro mu gihe amahera yo kuranguramwo ibikoresho ari dollars canke euros aguma asohoka igihugu gusumba ayinjira.

Recommended for you