NEWS

Human Rights Watch: ‘Ubwicanyi n’Agahahazo imbere y’amatora’.

on

Mu cegeranyo ishirahamwe Human Rights Watch ryashize ahabona uyu musi wa 18 Rusama 2018, herekana ko abajejwe umutekano mu Burundi n’Imbonerakure bishe, barafata ku nguvu kandi bongera batera ubwoba abikekwa ko boba batavuga rumwe na leta y’i Bujumbura mu misi ishira amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ku wa 17 Rusama 2018.

Human Rights Watch ikaba isaba ko Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, Ubumwe bwa Buraya na ONU bogira ico bakoze mu gufatira ibihano ruhasha Leta y’i Bujumbura.

Ico cegeranyo cataziriwe ngo “We Will Beat You to Correct You’: Abuse Ahead of Burundi’s Constitutional Referendum( ” Tuzobakubita tubakosore: Agahohotero imbere y’amatora’) gishira ahabona amabi yakozwe n’abari bajejwe gukinga umutekano w’abanyagihugu, imbonerakure, hamwe n’abandi begereye umugambwe uri ku butegetsi mu kiringo c’umwaka umwe n’inusu ushira amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro.

Ico cegerenayo ca Human Rights Watch cerekana ko ‘abahohotewe cane ari abanse kwiyadikisha kugira bazotore, abandi nabo ngo ntibatanze intererano ku bw’amatora. Mu bihe bimwe bimwe, kutaba gusa uri mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, vyari bihagije kugira gusa wikekwe maze hakaba uguhohoterwa’.

Ida Sawyer,wo muri Afrika yo hagati muri Human Rights Watch yamenyesheje ati: “Amatora yo guhinyanyura ibwirizwa-shingiro yabaye mu bihe vy’akarenganyo, ubwoba…ibihe bidatuma haba amahitamwo umuntu yisanzuye…”.

Recommended for you