NEWS

HRW: ‘Afrika y’Ubumanuko Ikwiye Gufasha mu Gutorera Umuti Ikibazo c’Uburundi’.

on

Ishirahamwe Human Rights Watch(HRW) riharanira agateka ka zina muntu kw’isi rimenyesha ko kugira ikibazp c’Uburundi gitorerwe umuti, igihugu camye gifasha Uburundi arico Afrika y’Epfo ‘gikwiye gukora ibishoboka hama kigafasha Uburundi’.

HRW imenyesha uko utwigoro twose twakozwe ubu haraheze imyaka 20, duhagarariwe n’igihugu ca Afrika y’Epfo twose twakamanganye. Intwaro ikomenye ya Afrika y’Epfo irakenewe cane kugira ikibazo c’Uburundi gitorerwe umuti kandi Uburundi bwogorore hamwe no kugira igihugu gisubirane, nk’uko HRW ibandanya ibimenyesha.

Umukuru wa Afrika y’Epfo, Cyril Ramaphosa, asabwa na Humana Rights Watch guhagurukira ikibazo c’Uburundi.

Human Rights Watch iragaruka ku twigoro twakozwe na Afrika y’Epfo munguhagaraira amasezerano y’i Arusha mu gihugu ca Tanzania, aho Thabo Mbeki yafashije cane cane mu kuyobora utwigoro twa Afrika y’Epfo kugira ngo ayo masezerano ya Arusha yarangije intamabra yari imaze guhitana abantu bashika 300 000 ihagarare.

Naho bimaze kugaragara ko Ibwirizwa shingiro rishasha riheruka gutorwa riha ububasha bwose umugambwe uri ku butegetetsi, ubwoko bw’abatutsi biboneka ko butazoba butazoba bugiserukiwe neza, Human Rights Watch imenyesha ko umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa akwiye gukora ibishoboka mu gushira igihugu ciwe imbere mu kugarukana amasezerano y’i Arusha kugira hirindwe izindi ntureka n’akajagari bishobora kuva mu matora ya 2020.

Recommended for you