INTERNATIONAL NEWS

Houston, Texas: Umwana w’imyaka 2 yapfuye yirashe urusoro.

on

Mu gihugu ca leta Zunze Ubumwe za Amerika, neza neza mu gisagara ca Houston muri Leta ya Texas, hari umwana w’imyaka ibiri yapfuye yirashe urusoro n’inkoho yari ibitswe n’abavyeyi biwe mu nzu yabo. Igipolisi ca Houston kimenyesha ko iryo bara ryaguye mu gihe abavyeyi b’uyo mwana bari muhira.

Iyo nkoho yabonetse aho habereye iryo bara bikabagaragara ko yashobora kujamwo insasu zipima mm 9. Bikaba bitaragara ko abo bavyeyi b’uyo mwana bazokwagirwa n’icaha co kwica. Abapolisi bakaba bariko bihweza ukuntu uyo mwana yashoboye gushikira iyo nkoho hama arirasa.

Abavyeyei bo muri Texas bakaba bagabishijwe n’igipolisi kugaba mu gihe bafise abana kandi batunze inkoho. “Ni ngombwa ko ubika inkoho, mu kuraba ko ikigwanisho cawe gicira umuriro kibitse neza kugira ngo ibi vyabaye ntibize bisubire kuba mu misi iri imbere”, niko igipolisi kigabisha abavyeyi.

Ku makuru ashirwa ahabona na Houston Chronicle, uyo se w’umwana yitwa Christopher Charles Williams akaba yaheruka kwagirwa n’icaha co gutunga ikigwanisho mu buryo budaciye mu mategeteko mu mwaka wa 2009.

Mu gihugu ca Amerika, hafi ingo nyinshi usanga zitunze ikigwanisho mu nzu. Navyo vyama vyakoze ibara haba abantu biyadukiza bakarasa abantu. Aho twokwibuka ibiheruka kubera muri Las Vegas, i Florida n’ahandi aho hama habaye ubwicanyi bututrutse ku bigwansiho bitunzwe n’abanyagihugu.

Recommended for you