NEWS

Hoba hitezwe ibindi biganiro bihuza abanyeporitike?

By

on

Benjamin Mkapa asanzwe ari umufasha w’umuhuza Yoweri KAGUTA MUSEVENI mu matati ya poritke hagati y’Abarundi yaragiranye umubonano na bamwe mu banyeporitike b’Uburundi batavugarumwe na Reta I Dar Es Sallam mu gihugu ca Tanzaniya.

Uyo mubonano ubaye mu gihe himirije inama rukokoma ihuza abakuru b’ibihugu vy’umuryango bigize afirika y’Ubuseruko izobera ku murwa mukuru w’igihugu ca Uganda I Kampala.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize umuryango wa Afirika y’Ubuseruko Liberat MPFUMUKEKO yaheruka gushikiriza ko Mkapa yaheruka kubonana n’umuhuza mukuru ari we Yoweri Kaguta Museveni, perezida wa Uganda, asanzwe anatwara inama y’abakuru b’ibihugu aho yashikirije ko inama y’abakuru b’ibihugu ariyo izotanga iyindi ntumbero y’ingene ivyo biganiro vyogenda.

Abitavye uwo mubonano basavye Benjamin MKAPA ko ibiganiro bikwiye gusubira gutangura ndetse n’amasezerano abivuyemwo ashobore kuboneka.

Abavuye hagati mu gihugu bashoboye kwitaba uyo mubonano ni Leonce NGENDAKUMANA asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU,Evariste NGAYIMPENDA hamwe n’uwaserukiye urunani Amizero y’abarundi rw’umushingamateka Agathon Rwasa.

Mu bavuye hanze y’igihugu bitavye uyo mubonano ni ni 3 bakaba bari barongowe na Jean MINANI arongoye CNARED.

CNARED ko yitavye ivyo biganiro ariko yaheruka gushikiriza ko idafise icizere k’ubufasha bw’umuhuza Benjamin William MKAPA hari uwovuga ko ubu CNARED igiye kugarura icizere k’umufasha w’umuhuza?Nukurindira iyo bitera bija.

Ibiganiro biheruka kuba mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze wa 2017 vyamaze imisi 14 vyarangiye ata masezerano abonetse nk’uko vyari vyitezwe.

Recommended for you