NEWS

Hoba himirije kujaho ‘umurwi wa bose w’abatavuga rumwe na leta’?

on

Abatavuga rumwe na leta y’Uburundi, baba abari mu gihugu(opposition interne) hamwe n’abari hanze y’igihugu)(Opposotion externe) barakoze inama muri iyi Rusama ku wa 3 gushika kuwa 5 Rusama, 2019 i Kampala, mu Buganda.

Nk’uko umwe muri abo bakoze iyo nama yiganiye Iwacu ativuze izina, uwo mutotorokano wakoranije abavuye i Bujumbura hamwe n’abavuye hanze y’Uburundi.

Abavuye muri CNARED nka Leonidas Hatungimana bakaba barahishikiye, hama CNARED nayo iraserukirwa.

Mu vyigwa vyihwejwe, nk’uko Iwacu yabishize ahabona, akaba ari ukwihweza ibijanye n’uko vyifashe mu Burudi imbere y’amatora ya 2020, hamwe no kwitegurira neza amatora ya 2020.

Uwo atashimye kwivuga izina yitavye iyo nama akaba yavuze ko ‘hagiye gushirwaho umurwi wa bose w’abatavuga rumwe na leta’, gutyo bikumvikanisha ko ivyo abatavuga rumwe na leta batahurizako boba bagiye kubirengera maze baje mu matora bari hamwe.

Bikaba bikinugwanugwa ko abatavuga rumwe na leta bashobora kwumvikana bakarungika umwe abaserukira mu matora ya 2020.

Abeshi barabona ko umushingamateka Rwasa Agathon ashobora gushirwa imbere agahangana n’umukandida wa CNDD-FDD atarashirwa ahabona.

Inama nk’iyi y’abatavuga rumwe na leta ikaba yaheruka kubera i Nairobi muri Nzero 2018 aho biga ibijanye no guhinyanyura ibwirizwa shingiro, ivyahavuye bishirwa mu ngiro na leta y’i Gitega kandi babandanya bavyiyamiriza.

None uwo ‘murwi wa bose w’abatavuga rumwe na leta’ woba uzogira ico ushitseko?

 

Recommended for you