Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsHoba hari imirwi irwana mu Burundi ituma haba ihagarikwa n-iburwa irengero...

Hoba hari imirwi irwana mu Burundi ituma haba ihagarikwa n-iburwa irengero ry-abantu?

Naho Leta y-uburundi yama yavuze ko ata mihari y-abitwaje ibirwanisho iri ku butaka bwayo, Abanyagihugu bariko bahagarikwa mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi ndetse bakanaburwa irengero,  bagirizwa ko bakorana n-abansi b-uburundi bafashe ibirwanisho.Burundi, un militaire tué et un civil blessé | INFO AFRIQUE

Nko mu  ntara zitandukanye z-igize uburundi  nka Mwaro, Kayanza,  Makamba, Bubanza, Muramvya, Rumonge, Bujumbura hamwe n-igisagara ca Bujumbura ,hamaze imisi hibonekeza ihagarikwa ry-abantu ndetse bakanaburwa irengero aho bagirizwa gukorana n-imkirwi y-abitwaje ibirwanisho , nka bose  ico bahuriyeko abo bahagarikwa , nuko badasangiye ivyiyumviro  bimwe n-umugambwe uri ku butegetsi. Abari inyuma y-iryo  hagarikwa akaba ari abajejwe igendereza mu gihugu, abari mu ntwaro hamwe n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi.

ˮ Nari mvuye gucuruza kw-isoko , ndiko ndataha muhira, nza mbona imodokari yo mu bwoko bwa Hilux inciyeko indengana maze  ica iza kumpagarara imbere yanje ntaziko irimwo abagire abantware I Bujumbura mw-iperereza.  Abari mw-iyo modoka harimwo abambaye sivire bafise inkoho zo mu bwoko bwa pisitore , bambwiye ko nokwurira vyihuta  imodoka ntarabona ibara maze ivyo mbazwa ndabibarizwe imbere. Naratabaje nkoma induru ndabura uwo kwumva amaborogo yanje. Bagenda bambwira ko abarwanyi mperuka kugurishako amasafuriya n-ibindi bikoresho vyo guteka  mbe ndabavuga kare ntaribonerako niyo nashika I Bujumbura. Nakubiswe n-inkuba mbwiwe ayo majambo, kuko abaza kungurira mw-isoko ntaba nzi ko ari abarwanyi canke abandi bantu, jewe mpfa kubona uwumpaye amahera gusa. Ngeze mu gasho k-iperereza kari impande ya Cathedrale narahohotewe bimwe ntovuga bituma nemera ivyo nagirijwe kandi ntigeze ndabikora‟  bivurwa n-umwe atashimye ko tumuvuga izina yahagaritswe mu kwezi kw-indwi uy-umwaka mu ntara ya Makamba ariko ubu abarizwa mw-ibohero rya Mpimba.

Abanyagihugu baba mu burere buguma buhagarikwamwo abantu bikekwa ko bakorana n-imirwi y-abarwanyi batewe n-umutima uhagaze n-ukuntu Leta iguma mu gacerere ntimenyeshe abarundi ku biriko biraba  kuko umurindi w-abantu baguma bahagarikwa ndetse bakanaburwa irengero  utera uba munini cane.  Kubwabo banyagihugu, ngo icari kuba ciza nuko Leta y-uburundi nyimba yoba ifise amakuru ko hari imirwi y-abarwanyi mu gihugu  yobitangaza ku mugaragaro hama  ikabarwanya maze inzirakarengane ntizisubire kurwa muvyo zitazi zihorwa umwikeko gusa.

 

 

Must Read