NEWS

HCR ivuga ko mu Burundi ‘hataragera’ ko impunzi z’Abarundi zihungurwa

on

Naho leta y’Uburundi na leta ya Tanzania zasinye amasezerano yo guhungura impunzi zose z’Abarundi ziri mu makambi ya Nduta na Mtendeli, ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, HCR, rivuga ko mu Burundi bitaratomoka neza kugira ngo impunzi zihungurwe.

Ivyo HCR yabivuze inyuma y’urugendeo rwakozwe na Pascal Barandagiye hamwe na mugenziwe wa Tanzania, kangi Lugola mu makambi ya nduta na Mutendeli.

“Naho intureka muri rusangi zaheze zo mu mwaka wa 2015, uko vyifashe mu Burundi  ntigushobora gutuma impunzi zihungurwa”, niko HCR yamenyeshejeejo.

Ishirahamwe HCR rimenyesha ko leta ya Tanzania n’Uburundi vyokwitondera iki kibazo maze bikubahiriza amabwirizwa mpuzamakungu agenga uguhungura impunzi.

Mwomenya ko iyi nkuru ya HCR ije ari inkuru nziza ku mpunzi ziba mu nkambi ya Tanzania kubera ko zari zagize ubwoba ko zigiye guhungurwa ku nguvu.

Ubu impunzi zirashobora kwizera ko hagiye kuba ibiganiro hagati ya HCR, Tanzania n’Uburundi kugira habe ukwumvikana kuri ico kibazo.

Recommended for you