Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR rirabandanya gusaba Leta ya Tanzaniya kudatahana ku nguvu abarundi bahungiye muri ico gihugu. Mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro n’umutekano mu ntara ya Kigoma, Rehema Msami , umuvugizi wa HCR mu ntara ya KIGOMA yasavye Leta ya Tanzaniya ko ata muntu yotahanwa mu gihe ataba atekaniwe mu gihugu ciwe.
Uwo muvugizi wa HCR mu ntara ya Kigoma yagize ati :«Ku bijanye no guhunguka, bivana naho umuntu yahoze ava vyifashe ko hari icahindutse kuvyatumye ahunga. Ni ukumenya kandi ko guhunguka ari kubushake bw’umuntu. Impunzi vyega niyo ifata ingingo yo gusubira mu gihugu c’amavukiro.Ivyo biri mu masezerano agenga impunzi bikaba kandi biri mu mategeko agenga igihugu cacu. Nayo kubijanye no kwimurira impunzi ku gihugu ca gatatu, si mpunzi zose zikunzwe kujanwa kuko usanga hakunze kujanwa igitigiri gito cane. Aha nico kimwe n’impunzi zihabwa impapuro zibemerera kubandanya ziba mu gihugu zahungiyemwo ko nahone si bose bahabwa izo mpapuro. Zihabwa igitigiri gito»
Tubamenyeshe ko Sudi Mwakibasi ajejwe ibibazo vy’impunzi muri Leta ya Tanzaniya yahaye impunzi z’abarundi ikiringo kitarenze umwaka uhereye kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi ngo zizobe zasubiye i Burundi.