NEWS

HCR Irasaba Vyihuta Imfashanyo Yo gufasha Impunzi z’Abarundi.

on

Ishirahamwe ryitaho impunzi muri ONU ariryo HCR rirasaba rishimitse kandi vyihuta imfashanyo y’imiliyoni 429 y’amadolari y’Abanyamerika( nk’amarundi imiliyaridi igihumbi, ni kuvuga 2/3 vy’amafaranga Leta y’Uburundi ikoresha ku mwaka) kugira inkenero zihuta z’impunzi z’Abarundi zahungiye mu karere ziboneke.

Nkuko HCR ibimenyesha, hari impunzi z’abarundi zahunze Uburundi kuva Ndamukiza 2015 zishika 400 000 zahungiye mu bihugu vya Tanzaniya, Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, Uganda no mu Rwanda kuva aho amagume atanguriye mu 2015.

Mw’ijambo umuhuzabikorwa wa HCR ku Burundi, Catherine Wiesner, yamenyesheje, yavuze ko amafaranga yari yasabwe kugira izo mpunzi zifashwe, ‘ibice 12% arivyo vyari vyabonetse, maze bica bituma ikibazo c’impunzi z’abarundi kiba co kititabweho cane kurusha ibindi mwisi’.

Nkuko yabimenyesheje mu Kinyamakuru News Time, Catherine Wiesner yavuze ati: “ Ukutaboneka kw’imfashanyo kudahera ku mpunzi z’Abarundi kwaratumye ibintu vyunyuka maze ibihugu vyakiriye izo mpunzi bica birengerwa mu buryo bwo kubakingira”.

Ivyo birigaragaza mu makambi y’Impunzi aho usanga impunzi mu makambi y’impunzi zibayeho mu tuzu tumatanganye nkuko biboneka kwifoto. Mu misi ya vuba, HCR vyasavye ko igabanya ibifungurwa vyahora bihabwa impunzi bivanye nubwo bukene bw’ayo mafaranga yabuze, ku buryo hagabanutse ibice 80% vy’ibifungurwa vyahabwa impunzi.

Uyo mutegetsi kandi yabandanije abandanya amenyesha ko impunzi ziri mu kaga ko kurwara igwara mpererekanwa nizivuye kwisuku rike nko gucibwamwo. Uko biri kwose ikibazo c’impunzi z’Abarundi kidahagurukiwe mu maguru masha kirashobora kwunyura ibintu.

Recommended for you