NEWS

HCR: ‘Abarundi barenga 32 000 Baramaze Guhunguka bava Tanzania’.

on

Umutegetsi wo mw’ishirahgamwe ryitaho impunzi kw’isi akorera mu Burundi yamenyesheje ko ‘impunzi z’Abarundi zirenga 32 000 bamaze gutahuka bava mu makambi y’impunzi yo muri tanzania inyuma y’uko habaye inama nyabutatu ku bijanye no guhungura impunzi z’Abarundi.

Ugusubizwa mu zabo kw’izo mpunzi kukaba kuriko kurakorwa n’amashirahamwe ya ONU nka HCR, UNICEF na PNUD kugira ngo izo mpunzi iyo zihungutse zishobore gutangura ubuzima bushasha.

Umuserukizi wa HCR mu Burundi, Gogo Hukportie, yamenyesheje ayo makuru ko gushika mu mpera za Ntwarante 2018 ico gitigiri c;impunzi zari zimaze guhunguka ziva muri Tanzania.

Gogo Hukportie yamenyesheje ko n’imiburiburi impunzi z’Abarundi ziba mu bihugu vy’ibiyaga binini nka Tanzania, Rwanda, RDC na Uganda bashika ku 340 000.

Ku barundi barenga 310 000 bahunze igihugu c’Uburundi mu mwaka wa 2015, hari abashika 30 000 bahunze intureka za 1972. Tanzaniya yonyene ikaba itunze impunzi z’Abarundi zishika 240 000“, niko Gogo Hukportie yamenyesheje.

Recommended for you