INTERNATIONAL NEWS

Hawaii, Imwe Mu Ma Leta Ya Amerika, Yatanguje Isekeza Ryo Gutegura Abanyagihugu Bayo Kubw’Igitero Ca Missile Ca Koreya ya Ruguru.

on

Inyuma y’aho Koreya ya Ruguru igeragereje iki missile gishobora gushikira ubutaka bwa Amerika itariki 4 Mukakaro, Leta ya Hawaii, imwe mu ma leta ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yabaye I leta ya mbere kubwo gutegura abanyagihugu ku bw’ibitero vya missile vya Koreya ya Ruguru.

Ku musi wa gatanu itariki 21 Mukakaro 2017, niho Ishirahamwe rya leta ya Hawaii rijanye n’ Ibishika giturumbuka( Emergency Management Agency) ryatangaje ku banyagihugu ko hakwiye kuba inyigisho ku banyagihugu bose. Abategetsi bavuze ko hakwiye gusubira kwigwa ingingo zafashwe mu gihe ya ntambara yiswe Guerre froide(iyarangiye mu 1991) kugira bashobore guhangana n’iterabwoba rya Koreya ya Ruguru ivuga ko imaze guhingura ibisasu bishobora gushikira iryo zinga rigize ama leta ya Amerika.

Koreya ya Ruguru ibandanya itera imbere mu bijanye no guhingura ibigwanisho ruhonyanganda.

Kuva muri Munyonyo uyu mwaka, leta ya Hawaii izotangura amagerageza yo kuvuza “akamo kagabisha igitero’ bita ‘siren alert’.Ako kamo kazoza karavuzwa kuri buri ntango y’Ukwezi, maze amaradio, televiziyo, hamwe na Internet bizokoreshwa cane mu kwigisha abanyagihugu uko bovyifatamwo mu gihe c’igitero.Ibi bikorwa vyo gutegura abanyagihugu bisanzwe bikorwa n’igihugu c’Ubuyapani co cegeranye cane na Koreya ya Ruguru.

Leta ya Hawaii iri nko ku bilometero 5000 uvuye muri Koreya ya Ruguru, igihe missile yoterwa na Koreya ya Ruguru, vyosaba gusa iminuta 15 canke 20 maze iyo leta ikaba yashikiriwe niyo missile!Abanyagihugu ba Hawaii bakaba bahawe iyi mpanuro yo guca baja ku mazu maze bakagumayo igihe missile yotera.

Leta ya Hawaii ikaba ifise ikambi ya Gisirikare ya Amerika hamwe n’amato menshi y’intambara ku kivuko Pearl Harbor, ikivuko catewe n’igihugu c’ubuyapani mu ntambara ya kabiri y’isi yose, aho abasoda batari bake ba Amerika bahasize Ubuzima, maze Amerika ica irihora mu gutera ibisagara bibiri vy’Ubuyapani, Nagasaki na Hiroshima, ama bombe y’ubumara bwa Atome(bombes atomiques) aho ingaruka zizo bombe nubu zicibonekeza muri ivyo bisagara ubu haciye Imyaka irenga 50.

Recommended for you