NEWS

Hateguwe imyirekano mu Bubiligi imbere ya Ambassade ya Tanzania

on

Kubera ko ikibazo c’impunzi z’Abarundi kiriko gishika hirya no hino kw’isi, ubu hoho hateguwe imyiyerekano mu gihugu c’Ububiligi imbere y’Ubuserukizi bwa Tanzania mu Bubiligi kugira ngo hiyamirizwa ingingo ya Tanzania ijanye ngo guhungura impunzi z’Abarundi ku nguvu.

Mu rwandiko rutumirira abo bose kwitaba iyo myiyerekano havuga hati:”Abarundi baba mu Bubiligi baratumiye abo bose kugira bagaragaze akababaro kabo mu kwiyamiriza ibikorwa n’amajambo ya leta ya Tanzania yo guhata impunzi z’Abarundi ngo zitahe mu Burundi kandi ata mutekano uraboneka mu Burundi”.

Mwomenya ko ubu mu makambi y’Abarundi yose uko ari atatu(NDUTA, MTENDELI NA NYARUGUSU) amaze gufatirwa ingingo zikaze nko guhagarika urudandazwa mu nkambi, bikabuzwa gusohoka ikambi n’ibindi.

Kuva mu mwaka wa 2015, hakaba hari impunzi zirenga 300 000 mu gihugu ca Tanzania bagishaka kubandanya baba muri Tanzania kubera ko bo bavuga ko ‘ico bahunze kikihari, ata mpamvu yo guhungurwa ku nguvu’.

Recommended for you