NEWS

Hassan Ruvakuki yarahatswe kugandagurwa cokimwe nuwahoze arongoye igisagara ca Bujumbura

By

on

Abantu bitwaje imipanga barategereye uwahoze ari umumenyeshamakuru w’iradiyo Bonesha FM, Hassan Ruvakuki, mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatatu atashe ashiste kurugo rwiwe ruri mu Kajaga, komine Mutimbuzi. Hakaba hari nk’isaha imwe y’ijoro.

Akaba yaragiye kugara umuryango w’urugo rwiwe ahejeje kwinjiza umuduga. Abo bitwaje imipanga bakaba bamukomerekeje ku mutwe, ku menyo no kukuboko nkuko ababanyi biwe babivuga. Bari bibaza ko yapfuye niko kuca batungwa nayo bameze. Bakaba baciye bamutwara telephone yiwe. Ababanyi bakaba baciye bamutwara kwa muganga hegereye kugira avurwe. Ababnyi biwe bakiyumvira ko ari ibintu vyari vyateguwe. Abantu icenda bakaba bamaze gufatwa kugira bamenye ababikoze.

Muriryo joro nyene, uwahoze arongoye igisagara ca Bujumbura, Maitre Evrard Giswaswa yaratewe nawe nyene n’abantu bitwaje imipanga kurugo iwe mu Gihosha commune Ntahangwa atashe mw’ijoro. Bakaba baramukomerekeje naho yagerageje kubagwanya kandi ntamahera ntani telephone bamusavye nkuko amakuru ava mu muryango wiwe abivuga

Recommended for you