Thursday, December 1, 2022
HomeNews"Hariho ibihugu bifise umutekano muke kubera imigambwe iri ku butegetsi yaho idakomeye"...

“Hariho ibihugu bifise umutekano muke kubera imigambwe iri ku butegetsi yaho idakomeye” Reverien Ndikuriyo

Umunyambanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD avuga ko yasanze zimwe mu mvo zituma ibihugu vyose bitagira umutekano ari ukubera ko umugambwe uri ku butegetsi uba udakomeye. Reveriyano Ndikuriyo amenyesha kandi ko Leta ikomoka mu mugambwe arongoye yahisemwo gusanga abarwanyi mu gihugu ca Congo kubera ko batari baherutse gutera igihugu c’uburundi.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutangura indwi yahariwe umurwanyi , umusi mukuru wama uhimbazwa uko umwaka utashe n’umugambwe CNDD-FDD, Reveriyano Ndikuriyo yarashimagije umugambwe arongoye CNDD-FDD ku kuntu ubungabunga amahoro n’umutekano mu gihugu c’uburundi. Kubwiwe , avuga ko ibihugu vyose bifise ingorane z’umutekano biterwa n’uko haba ata migambwe iri ku butegetsi ikomeye: Ndikuriyo ati :”Hariho ibihugu bifise umutekano muke kubera imigambwe yaho idakomeye”

Uwo arongoye CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu avuga kandi bahisemwo gusanga abarwanya Leta y’uburundi bari mu gihugu ca Congo kubera ko batari baherutse gutera uburundi.
“…Muga kubera ko bagize imisi bataza , twagiye kubaza ingene bimeze, igihugu kirarwanirwa, igihugu kirarwanirwakuva isi ibaho!” Niko avuga Ndikuriyo imbere y’abanyamugambwe biwe.

Must Read