Abantu bafise amabanga ahambaye mu gihugu bari bakwiriye abahanuzi bafise umwidegemvyo mu guhanura abari mu butegetsi. Vyashikirijwe na Patiri FUPI Felix mu nkuka y-imisa yo kuri uyu wa 13 gitugutu 2021 igihe uburundi bwariko bwibuka imyaka 60 ihaciye umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe.
Uwo mu patiri akavuga ko hari abahanuzi bata mu rudubi abategetsi babo bakabatera amashurwe kugirango barondere amanota. Patiri Fupi Felix yabivuze uku:
ˮ Abantu mwebwe nka mwebwe mufise amabanga akomeye y-igihugu iyo ubonye icicaro urimwo , kirashobora kukubera n-umutego, ni ukuhagabira, ukibwira ngo ntaco mbaye , ukibwira ngo ndakomeye , kubera ubona umenga urashobora gucira urubanza abandi bigaca bifata. Eeeeh! Imana irakubona! Kandi nyimba ubona ataco ubaye umenyeko ari kubera urukundo rw-Imana irakurindiriye gusa . Ntikurindiriye ngo igutege imitego , iguhaye umwanya kugira wigarurere hakiri kare. Gukora ivy-inyuma gusa bisayangana biroroshe ariko guhinduka vy-ukuri mu mutima , umutima akaba intungane urwo ni urundi rugendo. Amajambo aroroshe kuvuga , hari n-abazi kuyavuga , umuntu ntagende kuvuga ngo ibi n-ibi ni bibi kandi nawe ariko arabikora‟