Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsHariho abahanuzi bata mu rudubi abategetsi mu kubatera amashurwe kugira baronke...

Hariho abahanuzi bata mu rudubi abategetsi mu kubatera amashurwe kugira baronke amanota-Patiri Fupi Felix

Abantu bafise amabanga  ahambaye mu gihugu  bari bakwiriye abahanuzi bafise umwidegemvyo mu guhanura abari mu butegetsi. Vyashikirijwe na Patiri FUPI Felix  mu nkuka y-imisa yo kuri uyu wa 13 gitugutu 2021 igihe uburundi bwariko bwibuka imyaka 60 ihaciye umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe.Image

Uwo mu patiri  akavuga ko hari abahanuzi  bata mu rudubi abategetsi babo  bakabatera amashurwe kugirango barondere amanota.  Patiri Fupi Felix yabivuze uku:

ˮ Abantu mwebwe nka mwebwe mufise amabanga akomeye y-igihugu  iyo ubonye icicaro  urimwo , kirashobora kukubera n-umutego, ni ukuhagabira, ukibwira ngo ntaco mbaye , ukibwira ngo ndakomeye , kubera ubona  umenga urashobora gucira urubanza abandi  bigaca bifata. Eeeeh! Imana irakubona!  Kandi nyimba ubona ataco ubaye  umenyeko ari kubera urukundo rw-Imana irakurindiriye gusa . Ntikurindiriye ngo igutege imitego , iguhaye umwanya kugira wigarurere hakiri kare. Gukora ivy-inyuma gusa bisayangana biroroshe ariko guhinduka  vy-ukuri mu mutima , umutima akaba intungane urwo ni urundi rugendo. Amajambo aroroshe kuvuga , hari n-abazi kuyavuga , umuntu ntagende kuvuga ngo ibi n-ibi ni bibi kandi nawe ariko arabikora‟

 

Must Read