NEWS

‘Harakenewe ibindi biganiro vya nyuma’, niko Tatien Sibomana avuga.

on

Mu gihe hariko havugwa ko hoba himirije kujaho uwundi murwi w’abatavuga rumwe na leta inyuma yaho iyihari isa niyananirwe, aho nyene hari abasaba ko hoba ibindi biganiro vya nyuma kugira ikibazo c’Uburundi gitorerwe umuti.

Ivyo vyamenyeshejwe na Tatien Sibomana mu kiyago yagiranye na Iwacu avuga ko aheruka kwitaba Inama yabatavuga rumwe na leta yabereye i Kampala mu Buganda ku wa 3 na 4 Rusama 2019.

Sibomana avuga ko ‘ibiganiro vya nyuma bihuza Abarundi bikenewe, ahandiho ko vyoca bugaragara ko vyananiranye’.

Sibomana akamenyesha ko bandikiye ikete umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Yoweri Kaguta Museveni, kandi ko amasezerano y’i Arusha yosubizwa agateka, hamwe n’ibwirizwa shingiro ryayakomotseko.

Mukamenya ko Leta y’Uburundi yatunganije amatora mu mwaka uheze yo gutora ibwirizwa shingiro rishasha, iryatowe cane n’Abarundi, maze ibiringo vy’umukuru w’igihugu bikaba vyaciye biva ku myaka 5 maze bija ku myaka 7.

Leta y’Uburundi ikaba yamenyesheje ko ibiganiro bihuza Abarundi vyahagaze ko ubu hageze kwitegurira  amatora ya 2020.

 

Recommended for you