NEWS

Haraheze imyaka ine Général Adolphe Nshimirimana agandaguwe

By

on

Haraheze imyaka ine Général Adolphe Nshimirimana agandaguwe

Hari ku musi w’Imana mu masayine z’igitondo aho iyo nkuru yagwa mu gisagara ca Bujumbura ko umukuru w’iperereza mu Burundi arashwe n’ibisasu bikomakomeye ategerewe hepfo y’ibitaro vya kaminuza biri muri zone Kamenge. Akaba yaciye yitaba Imana ubwo nyene hamwe n’umuchoferi wiwe n’abasirikare bari bamucungereye ubuzima. Akaba yagandaguwe haciye amazi cumi ikiringo ca gatatu ca gutwara igihugu c’Umukuru w’igihugu cemejwe mu mwaka w’i 2015, ikiringo yari yaragwaniye hamwe n’uguhirika ubutegetsi vyakurikiye yagwanije.

Général Adolphe Nshimirimana akaba yararongoye iperereza mu gihugu c’Uburundi hari haciye imyaka cumi kuva aho umugambwe CNDD-FDD wahoze ari umuhari ugwana utsindiye amatora yo mu 2005. Général Adolphe Nshimirimana akaba yatwara ibiro bikuru vya gisirikare mu muhari CNDD-FDD ukiri ku rugamba.

Général Adolphe akaba yarabaye akiri umusore mu gihugu c’Urwanda mu nyuma aja muri Congo, akaba yaragwaniye cane muri zone Kamenge aho mu nyuma yaciye yubaka inyubakwa yakunda guteramiramwo no gukoreramwo bita Iwabo n’abantu n’ahandi hitwa Iwabo w’abasigaye. Akaba yavukiye mu ntara ya Gitega muri commune Gishubi. Benshi bakavuga ko yari numero yakabiri havuye Umukuru w’igihugu mu gufatanga ingingo.

Abasirikare batatu n’abapolisi batatu niba baciye bafatwa mur’iryo gandagurwa ariko bakaba bahakana ico caha, sentare nayo ikaba yabakatiye gufungwa ubuzima bwabo bwose.

General Adolphe Nshimirimana akaba yarafashije cane kugira igisoda gisubirwemwo mu mwaka w’i 2003 aho hateweko umukono wo guhagarika intambara. Ico gikorwa akaba yagikoranye n’uwo bagwana ku rugamba Colonel Bikomagu Jean.

Recommended for you