Mu gihe uruhande rumwe rwa UPRONA rwariko rwemeza inzego zirurongoye rurikumwe n’abagize komite nkuru y’uwo mugambwe yatowe n’abadasigana mu mwaka w’2009, urundi ruhande rwariko rwipfurizanya umwaka mwiza.
Mw’ijambo ryashikirijwe n’Abadasigana ba UPRONA uruhande rw’umushingamateka Karori Nditije, bakaba basiguye ko komite nkuru itazosubira kuvugana na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ibibazo vy’umugambwe UPRONA, mu gihe yanse gushira mu ngiro imanza zose zaciwe na za sentare zitandukanye yaba ntahinyuzwa y’i Burundi canke sentare y’akarere k’Afrika y’Ubuseruko.
Muri iyo nama nkuru y’umugambwe yari yitabwe n’abanyacubahiro batandukanye bigeze kuramutswa ibibanza bikomeye mu ma Reta atandukanye, co kimwe n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka b’uyo mugambwe, abari muri iyo komite nkuru bakaba basubiye kwemeza ko baziyunga n’imigambwe itandukanye yose yipfuza ko ibintu bihinduka. Abo bagize iyo komite nkuru ya UPRONA, bakavuga ko amatora yimirije kandi ko ibiringo bibiri vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza buca birangira.
Mukamenya ko mu gihe urwo ruhande rw’umushingamateka Karori Nditije rwariko ruragira iyo nama, uruhande rwa Concilie Nibigira narwo rwariko ruripfurizanya umwaka mwiza, aho mbere abo muri uyo mugambwe ishami ryemewe na Reta, bavuze ko bataziyunga n’umuntu n’umwe naho bagirizwa ko bari mu kwaha kwa CNDD FDD. Concilie Nibigira akavuga ko ku wa 9 Ruhuhuma bafise irindi koraniro rukokoma, aho bazerekana uwuzoba serukira mu kwitoza mu mibanza c’umukuru w’igihugu.
SRC : igihe