Inyuma yaho umushikiranganji w-ubudandaji Marie-Chantal Nijimbere atangaje ko ahagaritse ingingo yo kuduza ibiciro vyo kwiyunguruza ku rugero rwa 25% , umurwi wadugije ivyo biciro wasohoye itangazo kuri uyu w-Imana igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2022 umenyesha ko ingingo yabo ari ntabanduka, ko ibiciro vyo kwiyunguruza bitegerezwa kuduzwa nkuko babitegetse.
Mu bashize umukono kw-iyo ngingo nka bose batwarwa mu bushikiranganji bw-ubudandaji, haza kw-isonga umuyobozi mukuru ajejwe ivyo kwunguruza abantu n-ibintu, Albert Maniratunga. Uwo murwi urimwo Albert Maniratunga ukavuga mw-iryo tangazo ko iduzwa ry-ibiciro vyo kwiyunguruza vyakiriwe neza cane n-abarundi bose , ngo kanatsinda nta bikorwa vyo kuyiyamiriza vyigeze biboneka mu gihugu.
Abatari bake mu barundi bahaye bibaza hagati y-umushikiranganji w-ubudandaji umupfasoni Marie-chantal Nimbere hamwe n-umuyobozi mukuru w-ugutwara abantu n-ibintu uwukomeye uwariwe ni mugihe Albert Maniratunga yavuguruje icese umushikiranganji amurongoye , ndetse anagirako asohora itangazo biboneka ko ari iry-agatsinde.