NEWS

Habaye Imigwano Ikaze Mu Kiyaya Ca Rusizi.

on

Kuri uyu musi wa mbere itariki 31 Mukakaro 2017, hazindutse haraba imigwano ikaze mu kiyaya ca Rusizi,mu ntara ya Bubanza m Burengero bw’Uburundi.Ubwoba bwinshi bwazindutse bwugarije abanyagihugu basanzwe baba muri commune Gihanga neza na neza mu micungararo y’Ikiyaya ca Rusizi mw’ishamba cimeza rya Rukoko biturutse kubikoho binini binini vyazindutse vyumvikanayo, ndetse abasanzwe bakorera ibikorwa vyabo murako gace bakaba batashoboye gusohoka amazu yabo nkuko amakuru ava muriyo commune abimenyesha.

Abarimyi bakora imirimo yabo mu kiyaya ca Rusizi ku rubibe Uburundi buhana na Kongo baciye bahunga mu gatondo ko kuri uyu wa mbere bivuye kuri ivyo bikoho bikomakomeye vyazindutse vyasana mwako karere.Bamenyesha ko ivyo bikoho vyavugira ku ruhande rwa Kongo.Bitewe n’ubwoba,abo barimyi baciye basiga ivyabo vyose mu kiyaya hama banyaga amagara.

Abari bose mw’ishamba cimeza rya Rukoko baciye barivamwo.Muri iyo mirwano ikaze ku ruhande rwa Kongo,imirwi irwana irakunze gutana mu mitwe.Rimwe na Rimwe igisoda c’Uburundi kirafashanya nica Kongo mu buryo bwibanga kugira bahashe iyo mirwi yabarwanyi yitwaje ibigwanisho.

Bisanzwe bizwi ko umuhari w’abarwanyi ba FNL ya Aloys Nzabampema ukunze gukora ibitero mwako karere,canke mbere ukaja no mu mashamba yo muri Kongo,nkuko abanyagihugu bava aho i Bubanza bavyemeza.

Mu gihe ibikoho vyanavugiravmu kiyaya ca Rukoko ku ruhande rw’Uburundi,no hakurya muri Kongo ibikoho vyumvikanye. Kugeza ubu ,ntaco igisirikare c’Uburundi kiratangaza kuvyerekeye iyo mirwano,haba ku bagwanye n’abateye hamwe n’ivyoba vyononekaye canke aboba bahasize ubuzima murivyo bitero bikaba bitaramenyekana.N’inkuru ikibandanya itohozwa.

Recommended for you