Mu bigo vy-ahasanzwe hakorera igipolisi kiraba ivy-imbibe n-ibirere PAFE, Habandanya hibonekeza imirongo miremire y-abantu barondera ibipapuro vy-inzira «Passport» na « Laissez-passer». Bamwe muri bo bakamenyesha ko hari ibitabo vy-inzira bariko basaba bimaze amezi arenga ane ariko batararonka nubu. Ivyo bishitse inyuma y-umuhango baheruka guhabwa n-umuyobozi mukuru wa PAF hari mu mpera za Nzero 2022 ko ivyo bitabo bigiye gusubira gutangwa mu buryo bunyarutse.
Muri abo bariko basaba ivyo bitabo,bagizwe ahanini n-urwaruka rwarangije amashure rwagomba kuja kwisumamwo mu mahanga kuko mu Burundi babona ko ataco bafise bokora inyuma yo gushoma igihe kinini barindiye ubuzi. Abandi bariko bahiga ivyo bipapuro vy-inzira ni abarundi barondera kuja kwivuza hanze y-igihugu, abarwarije ababo hanze hamwe n-abagiye kwiga. Abo bose bakamenyesha ko bacerewe muvyo baroyemwo kuko vyihuta cane ikindi, bakababazwa nuko ibisata bibijejwe biguma vyakira amafaranga amafaranga y-ikiguzi c-ivyo bitabo vy-inzira kandi badaca bazironswa ubwonyene.
Tubamenyeshe ko ibiro vya PAFE vyaheruka kumenyesha ko iyo ngorane yatumwe ahanini nuko abasavye ivyo bitabo mu mwaka w-2022 babaye benshi cane gushika naho udutabu twari twateguwe ku mwaka wose twakoreshejwe mu kiringo kingana n-amezi atandatu gusa.