Sunday, March 26, 2023
HomeNewsGutanga ibitabo vy-inzira «Passport» na «Laissez-passer» nubu bibandanya bigorana.

Gutanga ibitabo vy-inzira «Passport» na «Laissez-passer» nubu bibandanya bigorana.

Mu bigo vy-ahasanzwe hakorera igipolisi kiraba ivy-imbibe  n-ibirere PAFE, Habandanya hibonekeza imirongo miremire y-abantu barondera ibipapuro vy-inzira «Passport» na « Laissez-passer».  Bamwe muri bo bakamenyesha ko hari ibitabo vy-inzira bariko basaba bimaze amezi arenga ane ariko batararonka nubu. Ivyo bishitse inyuma y-umuhango baheruka guhabwa n-umuyobozi mukuru wa PAF hari mu mpera za Nzero 2022 ko ivyo bitabo bigiye gusubira gutangwa mu buryo bunyarutse.May be an image of 3 people, child, people standing, outdoors and tree

Muri abo bariko basaba ivyo bitabo,bagizwe ahanini n-urwaruka rwarangije amashure rwagomba kuja kwisumamwo mu mahanga kuko mu Burundi babona ko ataco bafise bokora inyuma yo gushoma igihe kinini barindiye ubuzi. Abandi bariko bahiga ivyo bipapuro vy-inzira ni abarundi barondera kuja kwivuza hanze y-igihugu, abarwarije ababo hanze hamwe n-abagiye kwiga. Abo bose bakamenyesha ko bacerewe muvyo baroyemwo kuko vyihuta cane ikindi, bakababazwa nuko ibisata bibijejwe biguma vyakira amafaranga amafaranga y-ikiguzi c-ivyo bitabo vy-inzira kandi badaca bazironswa ubwonyene.

Tubamenyeshe ko ibiro vya PAFE vyaheruka  kumenyesha ko iyo ngorane yatumwe ahanini  nuko abasavye  ivyo bitabo mu mwaka w-2022 babaye benshi cane gushika naho udutabu twari twateguwe ku mwaka wose twakoreshejwe mu kiringo kingana n-amezi atandatu gusa.

Must Read