Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunziGuhiga igitoro ubu ni nko kuja kurondera uruhindu rwatakiriye mw-ishamba.

Guhiga igitoro ubu ni nko kuja kurondera uruhindu rwatakiriye mw-ishamba.

Mu mihingo itandukanye yigihugu cuburundi hariko hibonekeza ikena ridasanzwe ryibitoro vyo mubwoko bwa Essencehamwe na Mazout, ibiriko bituma haba ihungabana mu bijanye no kwiyunguruza. Bamwe mu badandaza basanzwe barangura igitoro hanze y-igihugu bobo bamenyesha ko iryo bura ry-igitoro ririko riterwa muri rusangi n-ibura ry-amafaranga y-agaciro bita ama ˮdevises‟ kuko ariyo akenerwa mukuja kukirangura hanze.May be an image of standing, car and road

ˮMaze imisi ibiri ntondesheje imodokari yanje kuri station Mogas, ariko kuri uyu wa mbere niho bakimpaye nahone nabanje kurenzako amahera  ibihumbi bitanu kuyategekanijwe, Umu boss wanje nuko nyene asanzwe azi ikibazo kihari nayahandi ho nsinoronka ukwo ndamusigurira hamwe mbuze amahera ya versement‟ Niko Bunuma Aloys ,umu dereva wa HIACE yunguruza abantu ibavana I Bujumbura ibatwara mu ntara ya Ngozi yavuze.

Naho Leta ataco iragira ico ivuze kw-iryo bura ry-ibitoro, Umwe mu badandaza asanzwe arangurira hanze y-igihugu igitoro avuga uku :

ˮ Twahora tugenda incuro zine hanze y-igihugu kurangura ibitoro, ariko kuva aho ama dorare asubiye gukena ubu ntawukirenza incuro zibiri kuja kukirangura. Ndetse hari bamwe muri twebwe babaye barabihagarika kukirangura. Tugiye muri BRB gusaba ama devises baduha intica ntikize bakatubwira ko amahera atayo ko twokwakira ayo baronse‟

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...