Mu ntumbero yo kurwanya ikiza ca Koronavirus gisa nicatse indaro mu Burundi, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bukaba bwafashe ingingo ihanitse.
Mu butumwa bwagiye ahabona, ubwo bushikiranganji busaba ko guhera ku wa 13 Nzero, abashoferi, abakonvwayeri bamabisi atwara abantu bose mu gisagara canke mu gihugu hagati bategerezwa kuba bambaye udupfukamunwa(masques).
Ubwo bushikiranganji bukaba kandi bwaciye bunagirako bumenyesha ko guhera ku wa 14 Nzero 2021 abantu bose bafata ama bisi baja mu gisagara hagati canke mu gihugu hagati ko bategerezwa kuba bambaye udufukamunwa.
Izo ngingo zikaba zije zisanga izindi zaraye zifashwe zo kwugara ubutambiro hamwe n’ubunywero bararara baratamba ijoro(boites de nuits).
Abatari bake mu gihugu c’Uburundi baribaza nimba vy’ukuti ico gihugu kizohava kija mu vyo kwigungira ukwaco(Confinement mu gifaransa) isanzwe yarashikiye ibihugu kw’isi bisinzikajwe na Coronavirus.
5. Dès demain 13/1/2021, le port du masque sera obligatoire pour les conducteurs, convoyeurs et rabatteurs du transport en commun.
6. Jeudi le 14/1/2021, le port obligatoire du masque sera étendu à tous les passagers du transport en commun.— MininterInfosBi (@MininterInfosBi) January 12, 2021