NEWS

Guatemala: Abantu 200 baburiwe Irengero, Abashika 76 bapfuye…

on

Mu gihugu ca Guatemala muri Amerika y’Epfo,abantu bashika 200 baburiwe irengero, abandi bashika 76 bapfuye bivuye Ku kirunga caturitse ku wa mungu muri ico gighugu maze kirekura ivyotsi n’umuriro, ivyondo n’umuriro maze bituma haba amasanganya, nk’uko BBC ibivuga.

Ico kirunga( volcan) cataziriwe Fuego kikaba carahamvye kirafuka uturere tumwe tumwe bivuye ku vyondo n’ivyotsi vyaco.

Ejo ku musi wa kabiri abakozi batabara bakaba barateshejwe mu gikorwa cabo kubera ukundi guturika kw’ico kirunga carungitse ivyotsi hamwe n’ibintu vy’umuriro vyashonze.

Abantu bashika imiliyoni 1,7 bakaba bashitsweko n’ingaruka z’ico kirunga, abashika 3000 bakaba bamaze gukurwa mu turere babamwo.

Mu gihe abajejwe ibirunga bari bamenyesheje ko uguturika kw’ico kirunga ku musi wa mungu vyarangiye, niho ejo abenshi batangara gisubiriye guturika kandi. Ku wa mungu ico kirunga kikaba cari carungitse ivyotsi vyaco gushika ku bilometero 10 uja mu kirere.

Recommended for you