Ubuyobozi bw’ishirahamwe Groupe LADAK bumenyesha ko guhera kuri uyu wa mbere Mukakaro 2022, abakozi b’iryo shirahamwe bari hagati ya 40 na 50 bazoshirwa mu karuhuko kubera ko ubutunzi bwaryo butifashe neza.
Mw’iryo tangazo, Iryo shirahamwe rikamenyesha ko ingingo yo kubuza amapikipiki n’ama Tuk-Tuk gushika mu burere bumwe bumwe bw’igisigara ca Bujumbura , yatumye Groupe LADAK ihomba ibice 65% vy’amafaranga ryahora ryinjiza.