NEWS

Godefroid Niyombare Yavuye Mu Gacerere Kiwe Mu Kiganiro Yahaye Jeune Afrique.

on

Mu kiganiro kidasanzwe yahaye jeune Afrique, Godefroid Niyombare, uwari aharariye igeragezwa ryo gutembagaza Ubutegetsi bw’Uburundi muri rusama 2015, yavuze aho ahagaze ku vyerekeye ikibazo c’Uburundi.

MU kiganiro yahaye Umumenyeshamakuru wa Jeune Afriqwue, Olivier Caslin, Godefroid niyombare amenyesha ko akiri muzima kandi ko amaze hafi imyaka ibiri arongoye umuhari wafashe ibigwanisho FOREBU kandi ko wiyemeje gushika ku mugambi wabo.

Abajijjwe ku veyerekeye ibiganiro bihuza abarundi igituma atabigiramwo uruhara, Niyombare yishuye ko ikibazo c’uburundi kitazova mu biganiro ahubwo ko ‘ata wundi muti kiretse kwirukana Pierre Nkurunziza ku butegetsi’.

\

Godefroid Niyombare

Godefroid niyombare akaba amenyesha ko Igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ritagenze neza kubera abo yari yizeye ko bamufasha batamufashe mu mumugongo.

Niyombatre akaba yagiriza Umushikiranganji wo kwivuna Abansi yariho ico gihe,Pontien Gaciyubwenge, ko ‘yahemutse’ maze bituma adashika ku mugambi wiwe.

Mwico kiganiro kidasanzwe Niyombare yahaye Jeune Afrique, yamenyesheje ko afise abasoda bashika 8 000 nabategetsi bo mu gisirikare bakomeye, kandi ko biteguriye gushika ku kugambi wabo.

Recommended for you