NEWS

Gitega : Uwunguruza abantu n’ipikipiki yishwe bunyamaswa

By

on

Abagizi ba nabi bagandaguye bunyamaswa mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri umugabo azwi kw’izina rya Védaste Ntezicimpa w’imyaka 31 asanzwe akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje ipikipiki.

Nk’uko ababonye ikiziga c’uwo mugabo babimenyesha, abamwishe bamuciye ibihimba vy’irondoka, ipikipiki akoresha bagenda bayimwivye. Ikiziga catowe hafi y’ahari icibutso c’umuhisi Musenyeri Yohakimu RUHUNA kiri ku Mushasha mu ntara ya Gitega.

Umukuru wa karitiye ya Mushasha avuga ko abishe uwo mugabo ari aboba bamuhenze ko akeneye ko abunguruza ku mafaranga, kandi ari abasuma, akamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.