NEWS

Gitega : Umuporisi yaciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose

By

on

Sentare Nkuru y’Intara ya Gitega mu gisata c’ayo gica imanza zikomakomeye harimwo n’iz’ubwicanyi, yahanishije umunyororo w’ubuzima bwose, umupolisi yagirizwa kwica umuntu amurashe.

Ico gihano uwo muporisi yagihawe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, mu rubanza rw’ikibiriraho.

Umupfasoni yagirizwa kugira uruhara muri ubwo bwicanyi nawe yaciriwe umunyororo w’imyaka 20.

Bose hamwe bakazoha umuryango wabuze, indishi y’akababaro ingana n’imiriyoni 15.

Recommended for you