NEWS

Gitega : Umukozi w’Iperereza ry’Uburundi Yarashe Umukozi.

on

Ku musi wa mbere itariki 28 Myandagaro 2017, hari umukozi akora mw’iperereza ry’Uburundi mu ntara ya Muyinga yarashe umukozi yariko apakuru¬ra ikamyo yarimwo ibidandazwa mu ntara ya Gitega muri Quartier Shatanya III ata mpamvu nyamukuru igaragaza ikosa rikomeye ryotuma araswa.

Abo bakozi bariko bapakurura iyo kamyo yarimwo ibidandazwa imbere y’inzu y’uwo mukozi w’igendereza, maze uyo mutegetsi arasohoka ababaza igituma bariko bapakururira iyo kamyo imbere y’inzu yiwe maze aca abategegeka kuryama bose bubitse inda, hama aca atangura kubarasa, nkuko Ikinyamakuru Iwacu kibivuga.

Uwo yarashwe akaba yarashwe urusassu ku rutugu imbere yuko urusasu rusohokera mu gikiriza. Igipolisi kikaba kimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura. Kubwa Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, iyo dosiye yuwo mukozi w’iperereza iriko iragenda nkuko bisanzwe bikorwa.

Nkurikiye amenyesha ati : » Dufise amakuru ko uyo mukozi w’iperereza Gerard Ndayisenga yoba yaciye afata tugendo aja i Muyinga, ariko igipolisi kiriko kiramurondera cane kugira yisigure ku vyo yakoze. Aho yoba ari hose, ategerezwa kwisigura nkuyundi munyagihugu wese ».

Kubwa Nkurikiye, itegeko mpanavyaha nta numwe riziguriza. Niyo uwo yagirizwa gukora ico caha yagirwa, azohanwa hisunzwe amategegeko kandi ubutungane buzokora igikorwa cabwo.Nubu gushika ubu uyo Gerard Ndayisenga ntawuzi iyo ari.

Recommended for you