NEWS

Gitega : Sentare yafashe ibihano bikomeye inyuma y’urupfu rw’uwagirizwa igandagurwa rya General Adolphe NSHIMIRIMANA

By

on

Sentare y’i Gitega yasomye urubanza rw’ibihan vyafatie abagirijwe ko bafise uruhara mw;’iyicwa ry’umuporisi yari acunze umupfungwa yagirizwa ko ari mu bishe General Adolphe NSHIMIRIMANA yigeze kuba ari umukuru w’igendereza ry’Uburundi.

Umwe muri abo bari bashizwe imbere y’intahe ntaco yagirijwe, abandi ba batatu bakaba baciriwe ibihano vy’umunyororo w’imyaka 10, 20 na 21.

Sentare ya Gitega yaciriye kandi ibihano bikomeye abagirijwe gufasha muriubwo bwicanyi, hamwe no kudafasha umuntu amerewe nabi. Aho ni inyuma y’aho hiciwe umuporisi kuri uwu wa kabiri.

Nyene inzu y’uburaro “ Le Parasso ”, Kankindi Godeberthe, yaciriwe umunyororo w’imyaka 10, iyo nzu y’uburaro nayo ifatirwa ingingo y’ukwugagwa.

Paul Hakizimana, yahora ari icegera c’uwurongoye ibohero rya Gitega yaciriwe imyaka 20 y’umunyororo. Yagirijwe kworohereza umunyororo kugira ahunge, kandi yari azwi nk’umunyororo wo gucungegwa cane (yagirizwa kugandagura General Adolphe NSHIMIRIMANA).

Audace Nyandwi, arongoye abanyororo yaciriwe umunyororo w’imyaka 21, nawe nyene yagirijwe gufasha umunyororo gutoroka

Emmanuel Kabura, arongoye igiporisi gikorera kuri iryo bohero yejejwe. Nawe nyene yari yagirijwe gufasha uwo munyororo gutoroka.

Umushingwamanza Sunzu, aburanira umwe muri abo batatu avuga ko bazokwunguruza, kuko batashimye aho intahe yashize.

Recommended for you