NEWS

Gitega : Imigumuko mw’ibohero rya Gitega

By

on

Abapfungwa bo mw’ibohero rya Gitega bagize imigumuko kuri uwu wa gatatu mu gihe abaporisi benshi bari bagiye kwimura umufungwa azwi kw’izina rya Colonel Léopold Hatungimana batazira Muporo.

Ico gikorwa nticabaye kikiba kuko abandi bapfungwa baciye bagumuka, biyamiriza iryo yimurwa.

Uwo yagira yimurwe ni intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yahoze mu mirwi irwana, imbere y’uko haterwa umukono ku masezerano y’ugucanga igirikare kikaba kimwe gihurikiwemwo n’anahoze barwanya Reta hamwe n’abasirikare ba Reta y’Uburundi.

Colonel Leopord HATUNGIMNA batazira Muporo apfunzwe yagirizwa ko akorana n’imirwi irwanya Reta y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Recommended for you